IKIGANIRO ABASHIKIRANJI BAKOZE MU GISAGARA CA BUJUMBURA

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 15 rusama 2023, abashikirangaji ba Reta y’Uburundi baragendeye ama komine ya Meri ya Bujumbura mu ntumbero yo kwumviriza ibibakiye abenegihugu bongere babitorere inyishu.

Muri komine Ntahangwa inama yabereye mu ngagara kuri Ozone Diplomatique hari abagera kuri bane : Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu Martin NITERTSE, Uw’ukwivuna abansi n’ukwitaho abahoze k’urugamba Alain Tribert MUTABAZI, Uw’ubutungane Domine BANYANKIMBONA hamwe n’uwinyubako za Reta Dieudonné DUKUNDANE.

Ahanini ibibazo vyashikirijwe vyari bijanye n’imanza ziri mu butungane, kubura ibikoresho ku bahuza bo ku mitumba, inyubako zihura n’ibiza cane cane imyuzurira hamwe n’ibindi bijanye n’imibano.

Ku bijanye n’imanza bivugwa ko zidindira canke hoba hajamwo aka mwana wa mama, Umushikiranganji yabwiye abacamanza kwubahiriza ibiringo no kudahengama yongera asaba abitura ubutungane ko mu gihe hoba hari umucamanza atigenjeje neza batoca bavyitirira urwego rwose.

Ku kijanye n’ibikoresho vy’abahuza bo ku mitumba yamenyesheje ko bokwihangana biriko birategurwa.

Ku kibazo kijanye n’inyubako umushikiranganji DUKUNDANE yasavye abubaka ko bobanza gusaba impanuro ababijejwe aho kuja kwubaka mu bibanza bitabereye.

Ku bagonga ivyuma vy’amatara, Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo umutekano yamenyesheje ko uwo bizoshikira azofatanwa n’icuma ciwe kandi akagisubizwa aruko asubirije ico Cuma.

Yaranamenyesheje ko hashizwe imirongo mu mabarabara kumvo z’umutekano asaba abagendesha ivyuma bayubahiriza, ndetse n’abahagarika imiduga ku mpande y’amabarabara hatemewe yameshejeko bazohanwa co kimwe n’abazoshika kw’igenekerezo rya 20/5/2023 batarashira amatara ku mpangu zabo n’abadasukura imbere yaho baba bazocibwa amande.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *