Ibirori vyo guhimbaza imyaka 62 irangiye Uburundi bwikukiye

Ibirori vyo guhimbaza imyaka 62 irangiye Uburundi bwikukiye vyabereye kw’ibarabara ryitiriwe ukwikukira muri zone Rohero, komine Mukaza. Vyatewe iteka n’umukuru wa mairie ya Bujumbura Jimmy HATUNGIMANA.

Ijambo yashikirije ryagarutse kuryo Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yashikirije Abarundi aho yashikirije ko uwo munsi ari uwo kwigina intwari zagwaniye intahe y’ukwikukira n’abitanze ngo itsimbatare. Ngo ni kandi umwanya wo kwirimbura Abarundi barabe umwimbu bavyaje ukwikukira.

Musitanteri wa komine Mukaza Nkezabahizi Florent mw’ijambo ry’ikaze yashikirije ko abenegihugu bo muri iyo komine bashigikiye Umuganwa Ludoviko Rwagasore igihe yariko ahabuza intahe y’ukwikukira anabasaba kuyitsimbataza no kwama bashigikira indongozi.

Ibirori birangiye abakozi ba Mairie ya Bujumbura  barahuriye ku gatutu aho umuyobozi mwishikira w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura  yakaburiye abakozi kugwiza umwimbu mu kwegeranya neza amakori n’amatagisi kugira meri ishobore kurangura imigambi y’iterambere.

INAMA RUKOKOMA IJANYE N’ISUKU N’ISUKURA MU GISAGARA CA BUJUMBURA

Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 06  ruheshi   umwaka wa 2024  niho hatunganwa inama yokurabira hamwe intambwe bagezeko mw’isekeza ryatangujwe na nyene icubahiro umukuru w’igihugu c’uburundi kubijanye n’isuku n’isukura kw’igenekerezo rya 7 ntwarante 2024, n’umugambi wa zero dechets  wa nyenicubahiro umutambukanyi w’umukuru w’igihugu iyo nama yabereye munyubakwa za hotel de ville irongowe n’umukuru w’igisagara ca bujumbura général de brigade jimmy hatungimana, iyo nama ikaba yitabwe  nabajejwe intwaro kuva kuri bamusitanteri gushika kubarongoye ama karitiye, abarimunzego z’umutekano, abajejwe isuku, abarongoye amasoko yo mu gisagara ca bujumbura be nabahurikiye mu  mashirahamwe ajejwe kwegeranya imicafu mu gisagara, umukuru w’igisagara ca bujumbura akaba yasavye abajejwe intwaro ibi bikurikira :

  • Inzu yose yogira umufuko n’igikono cogushimwo imicafu, abantu bakariha amahera basezeranye n’amashirahamwe atwara iyarara kugihe, abakorera mu bigo vya reta gusukura aho bakorera,
  • Kumashirahamwe ajejwe kwegeranya imicafu mu gisagara ca bujumbura basabwe ko bategerezwa gutora imicafu nimiburiburi gatatu mu kwezi, abajejwe gutora imicafu kuma soko :gutora imicafu k’umusi k’umusi ;
  • Kubarongeye obuha basabwe ko botunganya ibarabara imiduga itwara iyo micafu icamwo, hatibagiwe ugutunganya ikibanza gitabwamwo iyo imicafu; umukuru wigisagara ca bujumbura akaba yemeye gutanga ibikoresho bizofasha mubikorwa vy’isuku n’isukura  mu ntumbero ryo korohereza ico gikorwa akaba yarangije asaba ko abajejwe intwaro, umutekano hamwe nabajejwe ivy’isuku mu gisagara ca bujumbura gukorera m’urunani kugira bashike kwihangiro.

Le 44 ème congrès de l’Association Internationale des Maires Francophones tenu dans la ville de Lausanne en SUISSE

En date du 22 au 24 Mai 2024, dans la ville de Lausanne en Suisse s’est tenu le 44ème congrès de l’Association Internationale des Maires Francophones organisé sous le thème: coopération internationale et collectivités locales : un espace d’innovation.
Le congrès 2024 de l’AIMF met à l’honneur les démarches qui font de la coopération décentralisée, une force d’innovation pour changer les villes, notamment la mobilisation des partenaires autour des programmes mis en œuvre par les villes pour améliorer le quotidien de leurs habitants.
Durant le moment d’exposition des projets des villes qui se sont présentés, le Maire de la ville de Bujumbura et président de la PALPGL, Général de Brigade de Police Jimmy Hatungimana a présenté un projet intitulé :’’Planifier et opérationnaliser une gestion durable des déchets dans la ville de Bujumbura’’ ainsi que l’objectif de ce projet qui est de concrétiser la vision :’’ Bujumbura ville propre et sans déchets’’

Inama y’umutekano

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 17 Rusama, munyubakwa z’amakoraniro Donatus, bitewe iteka na Nyakubahwa Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi, Ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru bufadikanije n’urwego rujejwe gucungera itamatumanako amakuru, basozereye ihimbazwa ry’umusi wahariwe itumatumanako kw’isi.
Mw’ijambo ry’ikaze, Charles BAHIZI Umurongozi mwishikira mu biro vy’@mairie yashikirije, yashimiye cane Reta y’Uburundi ibicishije m’Ubushikiranganji kuva bahisemwo igisagara c’ubutunzi yongera asaba abatumire kuza gutega abiri ijambo nyamukuru ry’umusi.
Mw’ijambo ry’umusi, Gervais NDIRAKOBUCA , yashimiye Ubushikiranganji abateguye ibi birori aca atera intege Ubushikiranganji bw’ugutumatumana amakuru ko bwokomeza gukorera hamwe nabikorerq utwabo mubijanye n’itumatuamanako amakuru kugira ngo bashikire uburere buratashikirwa nubwo buhinga, yanashimye kandi uruhara rw’urwaruka mu bikorwa vy’iterambere bw’ubuhinga bwa none muri wa mugambi w’igihugu Burundi bwifashe 2040 Uburundi buteye imbere 2060.
Ibirori vyokwigina uwo musi vyarangijwe niyerekanwa ry’ubuhinga amashirahamwe asanzwe akorera muri ico gisata agezeko bwogutumatumanako amakuru aho Umushikiranganji wa mbere yanezerejwe n’intambwe bagezeko.

IKIGANIRO ABASHIKIRANJI BAKOZE MU GISAGARA CA BUJUMBURA

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 15 rusama 2023, abashikirangaji ba Reta y’Uburundi baragendeye ama komine ya Meri ya Bujumbura mu ntumbero yo kwumviriza ibibakiye abenegihugu bongere babitorere inyishu.

Muri komine Ntahangwa inama yabereye mu ngagara kuri Ozone Diplomatique hari abagera kuri bane : Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu Martin NITERTSE, Uw’ukwivuna abansi n’ukwitaho abahoze k’urugamba Alain Tribert MUTABAZI, Uw’ubutungane Domine BANYANKIMBONA hamwe n’uwinyubako za Reta Dieudonné DUKUNDANE.

Ahanini ibibazo vyashikirijwe vyari bijanye n’imanza ziri mu butungane, kubura ibikoresho ku bahuza bo ku mitumba, inyubako zihura n’ibiza cane cane imyuzurira hamwe n’ibindi bijanye n’imibano.

Ku bijanye n’imanza bivugwa ko zidindira canke hoba hajamwo aka mwana wa mama, Umushikiranganji yabwiye abacamanza kwubahiriza ibiringo no kudahengama yongera asaba abitura ubutungane ko mu gihe hoba hari umucamanza atigenjeje neza batoca bavyitirira urwego rwose.

Ku kijanye n’ibikoresho vy’abahuza bo ku mitumba yamenyesheje ko bokwihangana biriko birategurwa.

Ku kibazo kijanye n’inyubako umushikiranganji DUKUNDANE yasavye abubaka ko bobanza gusaba impanuro ababijejwe aho kuja kwubaka mu bibanza bitabereye.

Ku bagonga ivyuma vy’amatara, Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo umutekano yamenyesheje ko uwo bizoshikira azofatanwa n’icuma ciwe kandi akagisubizwa aruko asubirije ico Cuma.

Yaranamenyesheje ko hashizwe imirongo mu mabarabara kumvo z’umutekano asaba abagendesha ivyuma bayubahiriza, ndetse n’abahagarika imiduga ku mpande y’amabarabara hatemewe yameshejeko bazohanwa co kimwe n’abazoshika kw’igenekerezo rya 20/5/2023 batarashira amatara ku mpangu zabo n’abadasukura imbere yaho baba bazocibwa amande.

VIVRE ENSEMBLE AUTOURS DES GRANDS LACS : 10 ANS APRES

Est le thème de la 10ème assemblée générale des autorités locales des pays des grands lacs couplés avec 10ème la célébration du 10ème anniversaire.

Cette activité a été organisée par la mairie de Bujumbura en collaboration avec le secrétariat exécutif de la plateforme du 1 er au 2 juin 2023.

Jimmy Hatungimana, maire de la ville de Bujumbura et président en exercice de la PALPGL a fait savoir que c’est pour échanger sur les bonnes afin d’améliorer le vivre ensemble autour des grands lacs.

Dans son discours d’ouverture, le ministre de l’intérieur, du développement communautaire et de la sécurité publique Martin Niteretse a indiqué que le gouvernement du Burundi est conscient du travail accompli par les Maires dans l’intérêt de leurs citoyens et du pacte de confiance qu’ils ont réussi à sceller avec leurs collègues autour des lacs. Il s’engage à accompagner les villes et les communes burundaises dans leurs initiatives de vivre ensemble dans la région des grands lacs et de croissance pour répondre aux attentes de la population. Le ministre Niteretse invite les pays voisins et tous les acteurs régionaux et internationaux à soutenir cette initiative et à joindre leurs efforts à ceux des autorités locales des pays des grands lacs pour contribuer à l’idéal du vivre ensemble dans les grands lacs.

Des avancées significatives

Pour le président de la PALPGL, les autorités locales ont contribué de manière conjointe, dans la lutte contre le réchauffement climatique au niveau de notre région, dans le renforcement de l’égalité des sexes et la promotion des technologies, dans la mise en œuvre des initiatives de dialogue et de planification concertée pour le développement des initiatives visant la promotion du vivre ensemble. Il a souligné leur rôle dans le renforcement de participation des femmes et des jeunes à la gouvernance locale dans le but de garantir un développement durable dans la région, dans l’amélioration du rôle des maires en matières de la santé, hygiène et protection sanitaire, dans l’amélioration de la participation de nos villes dans l’entreprenariat et l’innovation et très récemment. Les autorités locales ont contribué dans l’amélioration des conditions de travail des femmes petites commerçantes transfrontalières afin qu’elles participent ensemble aux côtés de leurs autorités locales dans la consolidation de la paix au niveau de la région ainsi que le renforcement de la cohésion sociale et le développement.

IKIGANIRO UMUSHIKIRANGANJI WA MBERE YAKORESHEJE MUGISAGARA

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2023, mu nyubakwa z’ishuri Scheppers, Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi NDIRAKOBUCA Gerevasi, yagirishije ikiganiro indongozi zose zirangurira imirimo muri Meri ya Bujumbura.

Mw’ijambo ry’ikaze yashikirije, umukuru w’igisagara, Hatungimana Jimmy, yarashimiye Umushikiranganji wa mbere kuba yaje kuganira n’izo ndongozi, amumenyesha ko umutekano wifashe neza kandi n’abanegihugu bari ku kivi mu bikorwa vy’iterambere.

Muri iyo nama, Umushikiranganji wa Mbere yasavye abajejwe intwaro ko batokwivanga mu bikorwa vy’amakoperative ariko ko boyashigikira.

Yaranasavye kandi umukuru w’igisagara ca Bujumbura gutorera inyishu ibibazo biri mu burongozi bwa komine Mukaza na karitiye Mutanga Sud.

Mu bijanye n’urudandazwa, yasavye umukuru w’igisagara ca Bujumbua guhimiriza abadandaza gukora amasaha yose nkuko biri mu bindi bisagara vyo mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

URUGENDO UMUKURU W’IGISAGARA CA BUJUMBURA YATUNGANIJE MUMASOKO

Kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Ruhuma 2023 Nyakubahwa Général de Brigade de Police Jimmy HATUNGIMANA arongoye igisagara ca Bujumbura, yaratunganije urugendo aho yagendeye amasoko agize komine Muha hamwe na NgagaraI na II bita COTEBU ziri muri zone Ngagara Komine Ntahangwa. Hari muntumbero yo kwirabira ibijanye n’isuku n’isukura.Yabateye akamo ko kwama bagira isuku yaho bakorera imbere yuko bugurura ibibanza badandarizamwo.

Muri komine MUHA urwo rugendo rwagenze uko gukurikira :

  • Kw’isoko yo mu kanyosha yavuze ko ibibanza bicugaye badakoreramwo mu misi15 bizosubira mu minwe ya Mairie ya Bujumbura. Ibibanza navyo bihometse kurukuta rw’isoko inyuma yababwiye ko binjira mw’isoko maze ico kibanza gitunganywe himukire parking terminus ya kanyosha niya musaga- kinanira.
  • Kw’isoko ya ruziba, abandandariza hanze, Umukuru wa Gnl de Bde de Pol Jimmy Hatungimana yababwiye ko bategerezwa kwinjira mw’isoko imbere kugira bave kwibarabara ahagenewe parking.
  • Kw’isoko ya kinindo Gnl de Bde de Pol Jimmy Hatungimana yasanze iyo soko atamwimbu ushemeye utanga.Niko gusaba abayirongoye guhinyanyura politike yotuma isoko ihurumbirwa.Amamatela yose agarukanwe mw’isoko ya kinindo,amabaro y’impuzu agaruke kuko vyibonekeza ko isoko igaragara.