Iterambere rusangi ryo gusibura imifurege mugisagara ca Bujumbura

Uburongozi bwa mairie ya Bujumbura bwatunganije ibikorwa vy’iterambere rusangi vyo gusibura imifurege no gusukura impande y’amabarabara mu ma Komine yose, na cane cane ku mabarabara manini manini, mu kwitegurira ihuriro mpuzamakungu ry’abakenyezi ryimirije. 

Mw’ijambo ryiwe, Umukuru wa w’igisagara ca Bujumbura Général de Brigade de Police Jimmy HATUNGIMANA yashimiye abitabiriye ivyo bikorwa. Yaciye asaba abanyagisagara bose kwongereza inguvu mu bikorwa vy’isuku n’isukura kubera imvura yimirije kugwa, bazohore bakura ivyazanywe n’inkukura bitaragwira cane.

Umukuru w’Igisagara yongeye ater’akamo abanyonga imiduga itwaye ibikoresho vyo kwubaka n’iyitwaye imicafu ko bobifuka n’amahema kugirango amabarabara akingirwe, mu ntumbero yo gutunganya neza isuku. Amabarabara aboneka hakoze uburyo bwinshi kandi buzimvye.

Yashimiye kandi abanyagisagara ko bitabiriye ibikorwa vya rusansuma ku rugero rushimishije, yabasavye ko bobikora nkuko nyene no mu matora azobabwira mu 2025. Yarangije ahimiriza abenegihugu gukunda igihugu mugukora isuku aho babaye, anagabisha ko abatazobikora bazocibwa ihadabu.