Inama y’umutekano

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 17 Rusama, munyubakwa z’amakoraniro Donatus, bitewe iteka na Nyakubahwa Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi, Ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru bufadikanije n’urwego rujejwe gucungera itamatumanako amakuru, basozereye ihimbazwa ry’umusi wahariwe itumatumanako kw’isi.
Mw’ijambo ry’ikaze, Charles BAHIZI Umurongozi mwishikira mu biro vy’@mairie yashikirije, yashimiye cane Reta y’Uburundi ibicishije m’Ubushikiranganji kuva bahisemwo igisagara c’ubutunzi yongera asaba abatumire kuza gutega abiri ijambo nyamukuru ry’umusi.
Mw’ijambo ry’umusi, Gervais NDIRAKOBUCA , yashimiye Ubushikiranganji abateguye ibi birori aca atera intege Ubushikiranganji bw’ugutumatumana amakuru ko bwokomeza gukorera hamwe nabikorerq utwabo mubijanye n’itumatuamanako amakuru kugira ngo bashikire uburere buratashikirwa nubwo buhinga, yanashimye kandi uruhara rw’urwaruka mu bikorwa vy’iterambere bw’ubuhinga bwa none muri wa mugambi w’igihugu Burundi bwifashe 2040 Uburundi buteye imbere 2060.
Ibirori vyokwigina uwo musi vyarangijwe niyerekanwa ry’ubuhinga amashirahamwe asanzwe akorera muri ico gisata agezeko bwogutumatumanako amakuru aho Umushikiranganji wa mbere yanezerejwe n’intambwe bagezeko.