IKIGANIRO UMUSHIKIRANGANJI WA MBERE YAKORESHEJE MUGISAGARA

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2023, mu nyubakwa z’ishuri Scheppers, Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi NDIRAKOBUCA Gerevasi, yagirishije ikiganiro indongozi zose zirangurira imirimo muri Meri ya Bujumbura.

Mw’ijambo ry’ikaze yashikirije, umukuru w’igisagara, Hatungimana Jimmy, yarashimiye Umushikiranganji wa mbere kuba yaje kuganira n’izo ndongozi, amumenyesha ko umutekano wifashe neza kandi n’abanegihugu bari ku kivi mu bikorwa vy’iterambere.

Muri iyo nama, Umushikiranganji wa Mbere yasavye abajejwe intwaro ko batokwivanga mu bikorwa vy’amakoperative ariko ko boyashigikira.

Yaranasavye kandi umukuru w’igisagara ca Bujumbura gutorera inyishu ibibazo biri mu burongozi bwa komine Mukaza na karitiye Mutanga Sud.

Mu bijanye n’urudandazwa, yasavye umukuru w’igisagara ca Bujumbua guhimiriza abadandaza gukora amasaha yose nkuko biri mu bindi bisagara vyo mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.