INAMA RUKOKOMA IJANYE N’ISUKU N’ISUKURA MU GISAGARA CA BUJUMBURA

Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 06  ruheshi   umwaka wa 2024  niho hatunganwa inama yokurabira hamwe intambwe bagezeko mw’isekeza ryatangujwe na nyene icubahiro umukuru w’igihugu c’uburundi kubijanye n’isuku n’isukura kw’igenekerezo rya 7 ntwarante 2024, n’umugambi wa zero dechets  wa nyenicubahiro umutambukanyi w’umukuru w’igihugu iyo nama yabereye munyubakwa za hotel de ville irongowe n’umukuru w’igisagara ca bujumbura général de brigade jimmy hatungimana, iyo nama ikaba yitabwe  nabajejwe intwaro kuva kuri bamusitanteri gushika kubarongoye ama karitiye, abarimunzego z’umutekano, abajejwe isuku, abarongoye amasoko yo mu gisagara ca bujumbura be nabahurikiye mu  mashirahamwe ajejwe kwegeranya imicafu mu gisagara, umukuru w’igisagara ca bujumbura akaba yasavye abajejwe intwaro ibi bikurikira :

  • Inzu yose yogira umufuko n’igikono cogushimwo imicafu, abantu bakariha amahera basezeranye n’amashirahamwe atwara iyarara kugihe, abakorera mu bigo vya reta gusukura aho bakorera,
  • Kumashirahamwe ajejwe kwegeranya imicafu mu gisagara ca bujumbura basabwe ko bategerezwa gutora imicafu nimiburiburi gatatu mu kwezi, abajejwe gutora imicafu kuma soko :gutora imicafu k’umusi k’umusi ;
  • Kubarongeye obuha basabwe ko botunganya ibarabara imiduga itwara iyo micafu icamwo, hatibagiwe ugutunganya ikibanza gitabwamwo iyo imicafu; umukuru wigisagara ca bujumbura akaba yemeye gutanga ibikoresho bizofasha mubikorwa vy’isuku n’isukura  mu ntumbero ryo korohereza ico gikorwa akaba yarangije asaba ko abajejwe intwaro, umutekano hamwe nabajejwe ivy’isuku mu gisagara ca bujumbura gukorera m’urunani kugira bashike kwihangiro.