Ubutumwa bwa Nyenicubahiro umukuru w’igihugu kubajejwe isuku mugisagara ca Bujumbura.

Umukuru w’igisaga ca Bujumbura yaragirishije inama italiki 09/10/2024 abarongoye intwaro, abakozi n’abajejwe igisata c’isuku n’isukura mu biro vy’umukuru w’Igisagara ca Bujumbura, indongozi z’igipolisi, uwurongoye ikigo OBUHA, ab’amashirahamwe atwara imicafu hamwe n’abarongoye amakoperative akora isuku mu gisagara ca Bujumbura, mu ntumbero yo kubashikiriza ubutumwa bwa Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye bwerekeye kugira isuku no guteragira amashurwe yo gushariza n’ibiti bitanga akayaga keza mu gisagara.