La période de déclaration volontaire édition 2024 en Mairie de Bujumbura a débuté du 1er janvier de cette année jusqu'au 30 Mars
LOGO Mairie

 LA MAIRIE DE BUJUMBURA

 

banner HDV

 

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2023, mu nyubakwa z’ishuri Scheppers, Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi NDIRAKOBUCA Gerevasi, yagirishije ikiganiro indongozi zose zirangurira imirimo muri Meri ya Bujumbura.

Mw’ijambo ry’ikaze yashikirije, umukuru w’igisagara, Hatungimana Jimmy, yarashimiye Umushikiranganji wa mbere kuba yaje kuganira n’izo ndongozi, amumenyesha ko umutekano wifashe neza kandi n’abanegihugu bari ku kivi mu bikorwa vy’iterambere.

Muri iyo nama, Umushikiranganji wa Mbere yasavye abajejwe intwaro ko batokwivanga mu bikorwa vy'amakoperative ariko ko boyashigikira.

Yaranasavye kandi umukuru w'igisagara ca Bujumbura gutorera inyishu ibibazo biri mu burongozi bwa komine Mukaza na karitiye Mutanga Sud.

Mu bijanye n'urudandazwa, yasavye umukuru w'igisagara ca Bujumbua guhimiriza abadandaza gukora amasaha yose nkuko biri mu bindi bisagara vyo mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y'ubuseruko.

Les Maires de la ville de Bujumbura depuis 1962

Gérard Kibinakanwa
Terence Ndikumasabo
Pie Kanyoni
Charles Kabunyoma
Juvenal Madirisha
Germain Nkurikiye
Lucien Sakubu
Léonidas Ndoricimpa
Arthémon Mvuyekure
Anatole Kanyenkiko
Léonce Sinzinkayo
Pie Ntiyankundiye
Pontien Niyongabo
Célestin Sebutama
Elias Buregure
Evrard Giswaswa
Saidi Juma
Jimmy Hatungimana