Mois : mai 2024
IKIGANIRO ABASHIKIRANJI BAKOZE MU GISAGARA CA BUJUMBURA
Ku musi wa mbere igenekerezo rya 15 rusama 2023, abashikirangaji ba Reta y’Uburundi baragendeye ama komine ya Meri ya Bujumbura mu ntumbero yo kwumviriza ibibakiye abenegihugu bongere babitorere inyishu.
Muri komine Ntahangwa inama yabereye mu ngagara kuri Ozone Diplomatique hari abagera kuri bane : Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu Martin NITERTSE, Uw’ukwivuna abansi n’ukwitaho abahoze k’urugamba Alain Tribert MUTABAZI, Uw’ubutungane Domine BANYANKIMBONA hamwe n’uwinyubako za Reta Dieudonné DUKUNDANE.
Ahanini ibibazo vyashikirijwe vyari bijanye n’imanza ziri mu butungane, kubura ibikoresho ku bahuza bo ku mitumba, inyubako zihura n’ibiza cane cane imyuzurira hamwe n’ibindi bijanye n’imibano.
Ku bijanye n’imanza bivugwa ko zidindira canke hoba hajamwo aka mwana wa mama, Umushikiranganji yabwiye abacamanza kwubahiriza ibiringo no kudahengama yongera asaba abitura ubutungane ko mu gihe hoba hari umucamanza atigenjeje neza batoca bavyitirira urwego rwose.
Ku kijanye n’ibikoresho vy’abahuza bo ku mitumba yamenyesheje ko bokwihangana biriko birategurwa.
Ku kibazo kijanye n’inyubako umushikiranganji DUKUNDANE yasavye abubaka ko bobanza gusaba impanuro ababijejwe aho kuja kwubaka mu bibanza bitabereye.
Ku bagonga ivyuma vy’amatara, Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo umutekano yamenyesheje ko uwo bizoshikira azofatanwa n’icuma ciwe kandi akagisubizwa aruko asubirije ico Cuma.
Yaranamenyesheje ko hashizwe imirongo mu mabarabara kumvo z’umutekano asaba abagendesha ivyuma bayubahiriza, ndetse n’abahagarika imiduga ku mpande y’amabarabara hatemewe yameshejeko bazohanwa co kimwe n’abazoshika kw’igenekerezo rya 20/5/2023 batarashira amatara ku mpangu zabo n’abadasukura imbere yaho baba bazocibwa amande.
VIVRE ENSEMBLE AUTOURS DES GRANDS LACS : 10 ANS APRES
Est le thème de la 10ème assemblée générale des autorités locales des pays des grands lacs couplés avec 10ème la célébration du 10ème anniversaire.
Cette activité a été organisée par la mairie de Bujumbura en collaboration avec le secrétariat exécutif de la plateforme du 1 er au 2 juin 2023.
Jimmy Hatungimana, maire de la ville de Bujumbura et président en exercice de la PALPGL a fait savoir que c’est pour échanger sur les bonnes afin d’améliorer le vivre ensemble autour des grands lacs.
Dans son discours d’ouverture, le ministre de l’intérieur, du développement communautaire et de la sécurité publique Martin Niteretse a indiqué que le gouvernement du Burundi est conscient du travail accompli par les Maires dans l’intérêt de leurs citoyens et du pacte de confiance qu’ils ont réussi à sceller avec leurs collègues autour des lacs. Il s’engage à accompagner les villes et les communes burundaises dans leurs initiatives de vivre ensemble dans la région des grands lacs et de croissance pour répondre aux attentes de la population. Le ministre Niteretse invite les pays voisins et tous les acteurs régionaux et internationaux à soutenir cette initiative et à joindre leurs efforts à ceux des autorités locales des pays des grands lacs pour contribuer à l’idéal du vivre ensemble dans les grands lacs.
Des avancées significatives
Pour le président de la PALPGL, les autorités locales ont contribué de manière conjointe, dans la lutte contre le réchauffement climatique au niveau de notre région, dans le renforcement de l’égalité des sexes et la promotion des technologies, dans la mise en œuvre des initiatives de dialogue et de planification concertée pour le développement des initiatives visant la promotion du vivre ensemble. Il a souligné leur rôle dans le renforcement de participation des femmes et des jeunes à la gouvernance locale dans le but de garantir un développement durable dans la région, dans l’amélioration du rôle des maires en matières de la santé, hygiène et protection sanitaire, dans l’amélioration de la participation de nos villes dans l’entreprenariat et l’innovation et très récemment. Les autorités locales ont contribué dans l’amélioration des conditions de travail des femmes petites commerçantes transfrontalières afin qu’elles participent ensemble aux côtés de leurs autorités locales dans la consolidation de la paix au niveau de la région ainsi que le renforcement de la cohésion sociale et le développement.
IKIGANIRO UMUSHIKIRANGANJI WA MBERE YAKORESHEJE MUGISAGARA
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2023, mu nyubakwa z’ishuri Scheppers, Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi NDIRAKOBUCA Gerevasi, yagirishije ikiganiro indongozi zose zirangurira imirimo muri Meri ya Bujumbura.
Mw’ijambo ry’ikaze yashikirije, umukuru w’igisagara, Hatungimana Jimmy, yarashimiye Umushikiranganji wa mbere kuba yaje kuganira n’izo ndongozi, amumenyesha ko umutekano wifashe neza kandi n’abanegihugu bari ku kivi mu bikorwa vy’iterambere.
Muri iyo nama, Umushikiranganji wa Mbere yasavye abajejwe intwaro ko batokwivanga mu bikorwa vy’amakoperative ariko ko boyashigikira.
Yaranasavye kandi umukuru w’igisagara ca Bujumbura gutorera inyishu ibibazo biri mu burongozi bwa komine Mukaza na karitiye Mutanga Sud.
Mu bijanye n’urudandazwa, yasavye umukuru w’igisagara ca Bujumbua guhimiriza abadandaza gukora amasaha yose nkuko biri mu bindi bisagara vyo mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.
URUGENDO UMUKURU W’IGISAGARA CA BUJUMBURA YATUNGANIJE MUMASOKO
Kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Ruhuma 2023 Nyakubahwa Général de Brigade de Police Jimmy HATUNGIMANA arongoye igisagara ca Bujumbura, yaratunganije urugendo aho yagendeye amasoko agize komine Muha hamwe na NgagaraI na II bita COTEBU ziri muri zone Ngagara Komine Ntahangwa. Hari muntumbero yo kwirabira ibijanye n’isuku n’isukura.Yabateye akamo ko kwama bagira isuku yaho bakorera imbere yuko bugurura ibibanza badandarizamwo.
Muri komine MUHA urwo rugendo rwagenze uko gukurikira :
- Kw’isoko yo mu kanyosha yavuze ko ibibanza bicugaye badakoreramwo mu misi15 bizosubira mu minwe ya Mairie ya Bujumbura. Ibibanza navyo bihometse kurukuta rw’isoko inyuma yababwiye ko binjira mw’isoko maze ico kibanza gitunganywe himukire parking terminus ya kanyosha niya musaga- kinanira.
- Kw’isoko ya ruziba, abandandariza hanze, Umukuru wa Gnl de Bde de Pol Jimmy Hatungimana yababwiye ko bategerezwa kwinjira mw’isoko imbere kugira bave kwibarabara ahagenewe parking.
- Kw’isoko ya kinindo Gnl de Bde de Pol Jimmy Hatungimana yasanze iyo soko atamwimbu ushemeye utanga.Niko gusaba abayirongoye guhinyanyura politike yotuma isoko ihurumbirwa.Amamatela yose agarukanwe mw’isoko ya kinindo,amabaro y’impuzu agaruke kuko vyibonekeza ko isoko igaragara.